
Deux versions, en KIRUNDI et en FRANÇAIS
Turabaramukije bavukanyi mwese umwe wese mucubahiro ciwe, tunahoza cane umuryango wa NIZIGIYIMANA GERARD, umuvyeyi wiwe yashengeye.
Ni muri yantumbero twihaye tukaniyemeza yo gufashanya, dusubiye kugaruka tubasaba wa mutima mwamanye, kandi mwama mwerekanye, wo gushigikirana mubihe bitoroshe. Twagira dusabe, ngo dusubire twiyungunganye, dushigikire uyu muryango, w'umuvukanyi dusanzwe dusangiye iki gikorwa.
Twari dusubiye gushiraho kwegeranya UBUFASHA(Cagnotte), buzomara ikiringo c’imisi cumi n'itanu (15 jours), duhereye kuriyi tariki nyene ya 19/05/2026.
Turabakengurukiye cane, ku kigoro mudahengeshanya kwerekana no kwitanga, kuri buri umwe wese, kugira dushike kuri iki gikorwa gihambaye. Mugire amahoro mubanyu.
Chers frères et sœurs, recevez nos salutations respectueuses.
Nous adressons nos sincères condoléances à la famille de NIZIGIYIMANA GERARD, suite au décès de sa mère.
C’est dans cet esprit de solidarité et d’entraide que nous nous sommes engagés à nous soutenir mutuellement. Nous revenons donc vers vous pour solliciter une fois de plus votre bon cœur, que vous avez toujours manifesté, afin de continuer à nous soutenir dans les moments difficiles, et ainsi nous unir davantage pour accompagner ces familles de nos frères avec qui nous partageons cette activité.
À cet effet, nous avons décidé de relancer une collecte d’aide (cagnotte) qui durera
une période de quinze (15) jours, à compter de ce jour, le 19/05/2026.
Nous vous remercions sincèrement pour l’effort constant, la solidarité et la générosité que chacun de vous ne cesse de manifester pour la réussite de cette action importante.
Que la paix soit avec vous.




